Uko wahagera

Burundi: Ubutabera Burashakisha Abakekwaho Kwica Ndadaye


Ishusho ya Perezida Melchior Ndadaye wahoze ari Perezida w'Uburundi
Ishusho ya Perezida Melchior Ndadaye wahoze ari Perezida w'Uburundi

Sentare ntahinyuzwa y'Uburundi iherutse kurungikira imitahe abasirikare bakuru bakuru b'abakukuruke hamwe na bamwe mu bahoze ari abategetsi bikekwa kuba baragize uruhara mw'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye n'abafasha biwe muri 1993.

Bose uko ari 19 bakurikiranwa muri dosiye y’urupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye n’abafasha biwe bishwe mu kwezi kw’icumi 1993.

Muri bo harimwo abigeze kuzezwa amabanga akomeye mu gihugu nka Major Pierre Buyoya yahoze atwara Uburundi, Alphonse Marie Kadege yigeze kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu na Antoine Nduwayo yahoze ari umushikiranganji wa mbere.

I ruhande y’aba hari na Charles Mukasi yahoze aramutswa umugambwe w’abadasigana UPRONA, uwo ukaba wari umugambwe umwe rudende imbere y’uko haza intwaro ya demokarasi ishingiye ku matora muri 1993.

Imitahe ya sentare ntahinyuzwa y’Uburundi yabonywe n’Ijwi ry’Amerika ivuga ko bose bahamagariwe kwitaba iyo sentare kw’itariki y’umunani ukwezi kw’icumi kuza. Bane muri abo bagizwe n’intwazangabo zo ku rwego rwo hejuru zari mu karuhuko k’izabukuru ubu bamaze amezi hafi icumi bafungiwe mu mabohero atandukanye mu Burundi. Bahagaritswe mu mpera z’ukwezi kw’icumi na rimwe umwaka uheze. Imitahe bari bayisohorewe na sentare ntahinyuzwa nyene.

Abandi cumi na batanu harimwo Perezida Buyoya ubu ari intunwa idasanzwe y’ubumwe bwa Afrika muri Mali n’akarere ka Sahel barungikiwe imitahe itavuga neza aho baba kuko batari mu gihugu. Abo basirikare b’intwazangabo zo ku rwego rwo hejuru, abasivile bigeze kuzwezwa amabanga na Mukasi yigeze kuba umukuru w’umugambwe UPRONA ukiri umwe bagirizwa ivyaha bimwe kandi bisa:

Ugutegura n’ugushira mu ngiro ubwicanyi bwahitanye perezida Melchior Ndadaye n’abafasha biwe, uguhirika inzego zitorewe n’abanyagihugu n’ukuzihindura, ugukaburira abanyagihugu gufata ibigwanisho mu ntumbero yo kugarariza Leta hamwe n’ugufata mpiri ubutaka bw’igihugu.

Kuva itariki ya 30 ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka w’i 2018, benshi muri abo bari basohorewe imitahe n’ubutungane bw’Uburundi. Naho ifise akaranga mpuzamakungu, gushika ubu nta gihugu muvyo abakurikiranwa babamwo canke batemberamwo kirashira mu ngiro icifuzo ca Leta y’Uburundi co kubahagarika.

Melchior Ndadaye niwe perezida wa mbere w’umuhutu yitorewe n’abanyagihugu mu Burundi. Intwaro ya demokarasi ishingiye ku matora y’imigambwe myinshi yatanguranye nawe be n’umugambwe wiwe Sahwanya Frodebu kw’itariki ya mbere ukwezi kwa gatandatu 1993, inyuma y’intwaro za gisirikare zajaho inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi zakurakuranywe kuva muri 1972.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG