Uko wahagera

Nijeriya Yashikirijwe Abana b'Impfuvyi z'Abarwanyi Biciwe muri Siriya


Abdulkarim Omar, ajejwe imigenderanire n’amakungu mu butegetsi bw’abarwanyi b’umuhari SDF batwara uburengero bwa Siriya.

Abana batatu bavutse ku banyanijeriya bagiye kwiyunga n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu barashikirijwe reta ya Nijeriya, nkuko abategetsi b’Abakurdes muri Siriya babishikirije kuri uyu wa kane.

Abo bana b’impfuvyi b’imyaka 4, 6 na 8 bahawe ubuserukizi bwa reta ya Nijeriya mu gisagara ca Qamishli mu buraruko bwa Siriya.

Bubaye ubwa mbere igihugu c’Afrika cakira abana b’abanyafrika bagiye muri Siriya kwiyunga n’uwo muhari w’iterabwoba, nkuko vyashikirijwe na Abdulkarim Omar, ajejwe imigenderanire n’amakungu mu butegetsi bw’abarwanyi b’umuhari SDF batwara uburengero bwa Siriya.

Omar ariko yanse gutanga amakuru y’abanya Nijeriya bapfungiwe mu buraruko bwa Siriya, ariko abatari bake bagiye kwiyunga n’iterabwoba mu myaka ya vuba bari mu busho.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG