Uko wahagera

Bahamas: 20 Baramaze Kumenyekana ko Bishwe na Dorian


Ivyononwe n'igihuhusi kivanze n'imvura Dorian, mw'izinga rya Abaco, Bahamas, itariki 04/09/2019

Abanyagihugu bo mw’izinga rya Abaco na Bahamas baburaniwe barabura ingene basigura ivyononwe n’igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Dorian.

Igihuhusi Dorian camaze imisi ibiri mu buraruko bwa Bahamas, ahaguye imvura y’isegenya hamwe n’umuyaga mwinshi wagenda ku muvuduko w'ibirometero 251 kw’isaha.

Imihana nka yose yarakubuwe, inkengera z’ibiyaga zahora zihurumbirwa na bamukerarugendo zuzuye ibisigarira vy’amazu, n’imiduga yasambutse.

Ibitigiri vy’abamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima, ejo kuwa gatatu bashika 20, ariko abategetsi bavuga ko bakibandanya barondera abandi.

Perezida w’Amerika, Donald Trump yararungitse abasirikare gufasha mu bikorwa vyo gufasha kurondera. Ubwato bw’Abongereza, ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare Croix rouge, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bariko barihuta kurungika imfungurwa, imiti hamwe n’izindi mfashanyo zikenewe.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG