Uko wahagera

Kenya na Somaliya Baracarindiriye ko Ubutungane Bubadadanura


Ikarata Yerekana imbibe hagati ya Somaliya na Kenya.

Reta ya Kenya iriko irasaba kwigizayo urubanza ku matati ku karere ico gihugu gipfa na Somaliya, nkuko amakuru ava mu badiplomate avuga.

Ivyo bihugu bibiri kimwe cose ciyitirira akarere k’ibilometero kwadrato 100,000 mw’ibahari Indiana hakekwa kuba hari igitoro na gaze.

Ijwi ry’Amerika, serevisi y’igisomali ryashoboye kumenya ko Kenya yasavye ko urwo rubanza rwokwigizwa inyuma uwundi mwaka kugira yitunganye mu kurondera abashingwamanza bashasha. Urwo rubanza rwari rutegekanijwe kwumvirizwa mu ndwi iza kuva itariki 9 gushika 13 mu kwezi kw’icenda muri sentare mpuzamakungu y’ubutungane.

Ayo makuru avuga kandi ko reta ya Somaliya yanse kwemera ivyasabwe na Kenya ku munota wa nyuma.

Kenya yari yasavye ko umuryango w’ubumwe bw’Afrika woba ari wo wobadadanura, mu gihe Somaliya yo ikeneye ko ruja imbere ya sentare mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG