Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Bashiranyeko Amatagisi


Amakonteneri y'ibidandazwa ashitse ku kivuko ca Long Beach muri Californiya, kw'itariki 23/08/2019.
Amakonteneri y'ibidandazwa ashitse ku kivuko ca Long Beach muri Californiya, kw'itariki 23/08/2019.

Reta zunze ubumwe n’Ubushinwa ejo kuw’Imana barashiranyeko amatagisi mashasha ku bidandazwa bashoreranira, mu gihe ivyo bihugu bitunze kuruta ibindi kw’isi biri mu ntambara y’urudandazwa.

Perezida Donald Trump w’Amerika yashizeho amatagisi ku bice 15 kw’ijana ku bidandazwa vy’Ubushinwa vyinjira muri Amerika bifise agaciro ka miriyaridi 112 z’amadolari, ivyatumye abaguzi muri Amerika badugirizwa ibiciro mu masoko.

Ubushinwa nabwo bwatanguye gushira amatagisi ku bice 5 na 10 kw’ijana ku bidandazwa Amerika irungika mur’ico gihugu bifise agaciro k’imiriyaridi 75 z’amadolari.

Ivyo biba mu gihe intumwa z’ivyo bihugu bibiri ziri mu biganiro kur'ico kibazo zitegekanya gusubira kuganira mu mpera z’uku kwezi, naho ata cerekana ko izo mpande zimirije kugira ico zumvikanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG