Uko wahagera

USA: Abishwe Barashwe muri Texas Biyongereye Gushika kuri 7.


Abantu bakurwa mu nzu ya sinema mu gisagara ca Odessa, Texas, inyuma y'aho umuntu yitaje inkoho arashe. Texas, Itariki 31/08/2019
Abantu bakurwa mu nzu ya sinema mu gisagara ca Odessa, Texas, inyuma y'aho umuntu yitaje inkoho arashe. Texas, Itariki 31/08/2019

Igiporisi muri Reta ya Texas, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gishikiriza ko ibitigiri vy’abamaze gupfa inyuma yo kuraswa mu gisagara ca Odessa, mu burengero bw’iyo reta ku musi wa gatandatu vyiyongereye gushika ku bantu ndwi, n’abandi bashika 20 bakomeretse.

Uwabarashe akoresheje inkoho nawe nyene yarishwe. Imvo yabimutumye ntiramenyekana.

Igiporisi mu gisagara ca Odessa cashikirije ko ubwo bwicanyi bwatanguye igihe uwo muntu yiba imodokari ya posita, aca ayitwara azunguruka arasa mu bantu.

Uwo mugabo avugwa ko yari afise urukoba rwera, wo mu myaka 30, yaciye araswa inyuma yo kuzingurwa n’igiporisi muri parikingi y’inyubako y’amareresi, nkuko bishikirizwa n’abategetsi. Abaporisi batatu barakomeretse mur’ico gitero.

Ubwo bwicanyi bwo ku musi wa gatandatu, bwabaye inyuma y’aho mu ntango z’ukwezi kwa munani mu gisagara ca El Paso, muri Texas nyene, abantu 22 bishwe n’umuntu yiyemereye mu nyuma ko yagomba kwica abanya-Mexique.

Mu nyuma, haheze amasaha 13, uwundi muntu yitwaje inkoho yarishe arashe abantu icenda mu gisagara ca Dayton, muri Ohio, imbere yuko yiyica.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG