Uko wahagera

Uburusiya na Turukiya Bemeranya Gukorera Hamwe muri Siriya


Erdogan na Putin
Erdogan na Putin

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yarabonanye ejo kuwa kabiri na mugenzi w’Uburusiya Vladimir Putin i Moscou bavugana ingene bokemura ibibatandukanya mu ntambara barimwo muri Siriya. Uburusiya bushigikiye reta ya perezida wa Siriya Bashar al-Assad, mu gihe Turukiya gifasha imwe mu mihari irwanya reta.

Amakuru yasohotse inyuma y’uwo mubonano, avuga ko abo bategetsi babiri bashikirije ko bizeye gukorera hamwe kugira bagabanye imirwano mu ntara ya Idlib ya Siriya. Erdogan asaba ko Uburusiya buhagarika gufasha reta ya Damas kwirukana abarobeli muri Idlib.

Uyu mubonano uje inyuma y’aho Turukiya na Reta zunze ubumwe z’Amerika bemeranije gukorera hamwe muvya gisirikare muri Siriya. Abakurikiranira hafi iyo ntambara banuganuga ko Putin ariko ararondera kuburizamwo ukwo gukorera hamwe kw’Amerika na Turukiya.

Abategetsi ba Amerika na Turukiya bapfunditse uko gukorera hamwe kw’itariki ya 7 y’ukwezi kwa munani kugira bace akarere katabamwo imirwano, Ankara ivuga ko ari ugukingira urubibe rwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG