Uko wahagera

Kompanyi Uganda Airlines Yongeye Gutwara Ingenzi


Abakozi ba Ouganda Airlines ku kibuga c'indege ca d’Entebbe mu bikorwa vyo gusubira gutangura gutwara ingenzi.
Abakozi ba Ouganda Airlines ku kibuga c'indege ca d’Entebbe mu bikorwa vyo gusubira gutangura gutwara ingenzi.

Isosiyete y’indege zitwara abantu y’igihugu ca Uganda, “Uganda Airlines” ejo kuwa kabiri niho yatangura ibikorwa vy’ugutwara abantu n’indege. Ikaba yatanguriye ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi.

Iyo sosiyete yari yahomvye mu mwaka w’i 2001.

Uganda Airlines ifise indege zibiri. Yamara yaratumyeko izindi zine, harimwo indege nini nini za Airbus.

Iyo sosiyete y’indege zitwara abantu ya Uganda, “Uganda Airlines” izokorera mu karere nko ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni yiyemeje mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka gusubira kunagura, “Uganda Airlines” kubera ari ikintu gihesha agateka igihugu ciwe.

Vyitezwe ko “Uganda Airlines” ihiganwa n’ayandi masosiyete y’indege zitwara abantu yo mu karere nka, “Kenya Airways”, indege zayo zisanzwe zikorera kenshi hagati y’umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi n’igisagara ca Entebbe muri Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG