Uko wahagera

Reta Nshasha ya Sudani Ishinzwe Ijisho n'Amakungu


Abagize inama y'iguhugu irongoye Sudani imfatakibanza barahira muri ayo mabanga i Khartoum, muri Sudani, itariki 21/08/2019.
Abagize inama y'iguhugu irongoye Sudani imfatakibanza barahira muri ayo mabanga i Khartoum, muri Sudani, itariki 21/08/2019.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishikiriza ko kizokurikiranira hafi ko reta mfatakibanza ya Sudani ikurikiza ivyo yiyemeje vyo kwubahiriza agateka ka muntu, demokarasi n’amahoro imbere yuko Washington ifata ingingo yo gukura Khartoum ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba.

Umwe mu bategetsi b’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe imigenderanire yashikirije ejo kuwa mbere ko mu gihe impande zose zobishikurikiza nkuko zavyemeranije, Amerika ntizoteba kubakura kuri urwo rutonde.

Mu gihe Sudani yateye akamo amakungu ko ikeneye imfashanyo y’imiriyaridi 8 z’amadolari yo gufasha ubutunzi bwayo mu myaka ibiri iri imbere, abategetsi b’Amerika bavuga ko hakiri intambamyi kuko Washington ntishobora kukivugira mu mabanki mpuzamakungu canke ngo itange infashanyo kuko Sudani kicitwa ko gifasha iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG