Uko wahagera

Umukuru wa Diyasipora y'u Rwanda muri Mozambique Yarishwe


Maputo, ku murwa mukuru wa Mozambike
Maputo, ku murwa mukuru wa Mozambike

Umukuru wa diyasipora y’Abanyarwanda baba muri Mozambique yarishwe ejo kuwa mbere aguye mu mutego mw’ibarabara yatezwe n'abantu bataramenyekana, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi.

Abagabo batatu bitwaje inkoho bategereye Louis Baziga w’imyaka 47, baca baramurasa ari mu modokari aho yari avuye mw’iduka muri distrikte ya Boane, ku murwa mukuru Maputo, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi.

Ambasaderi w’u Rwanda muri Mozambique, Claude Nikobisanzwe yashikirije ko igiporisi catanguye amatohoza ariko ko ata n’umwe yikekwa kumwica arafatwa.

Icatumye yicwa gushika ubu ntikiramenyekana. Ariko Baziga, yararokotse abagomvye kumugandagura muri 2016, akekwa kuba yari yegereye ubutegetsi bw’i Kigali kandi bamwe mu baba muri Mozambique bakeka ko ico gihe yagira yicwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG