Uko wahagera

Danemark Ibwira Trump: "Ntiturota Tugurisha Izinga rya Greenland"


Ibihe vy'ubukanye mw'izinga rya Greenland
Ibihe vy'ubukanye mw'izinga rya Greenland

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yahagaritse umubonano yari kuzogirana n’umushikiranganji wa mbere wa Denmark mu ndwi zibiri ziri imbere kuko uwo mushikiranganji atipfuza kuganira nawe kw’igurwa ry’izinga rya Greenland na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Trump aheruka gushikiriza icipfuzo cuko Amerika yogura izinga rya Greenland ryegukira Danemark, ariko baba abategetsi ba Denmark na Greenland ntibatevye gushikiriza ko iryo zinga ritagurishwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Danemark, Mette Frederiksen yashikirije ko yipfuza ko Amerika yunga ubucuti nabo, ariko ngo igihe co kugura no kugurisha ibindi bihugu n’abanyagihugu bavyo cararangiye.

Trump yari yaratumiwe kugendera Denmark mu rugendo rw’akazi ariko umuvugizi mu biro vyiwe, White House, Judd Deere yashikirije ejo kuwa kabiri ko urwo rugendo rubaye rurahagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG