Uko wahagera

Afuganistani: Bombe y'Umwiyahuzi Yishe Abashika 36 mu Bugeni


Ikibanza cariko gikorerwamwo ubugeni capfiriyemwo abashika 36 i Kabul, muri Afghanistani, kuw'Imana, itariki 18 y'ukwezi kw'umunani 2019.
Ikibanza cariko gikorerwamwo ubugeni capfiriyemwo abashika 36 i Kabul, muri Afghanistani, kuw'Imana, itariki 18 y'ukwezi kw'umunani 2019.

Ishami ry’umuhari wa reta ya kiyisilamu muri Afuganistani ryaremanze ko aribo bateye bombe yishe abantu bashika 63 bari mu bugeni, hakomereka 183.

Abishwe n’ico gitero c’umwiyahuzi mu bugeni bagizwe cane n’ubwoko bw’inkehwa bw’aba Shiite bo mu muryango w’aba Hazara.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati muri Afuganistani Nasrat Rahimi yaremeje ivyo bitigiri mw’ijambo yashikirije mu gatondo ko ku musi w’Imana, avuga ko abagore n’abana bari mu bapfuye.

Abatalibani babicishije ku muvugizi wabo bashikirije ko ubwicanyi nk’ubwo ku bantu barimwo abagore n’abana ata nsiguro bugira.

Hambavu y’ico gitero, iyindi bombe yatezwe mw’ibarabara yahitanye imodokari ku musi w’Imana mu buraruko bw’intara ya Balkh, hapfa abantu bashika kuri cumi n’umwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG