Uko wahagera

Haiti: Perezida Asugerejwe n'Abatavuga Rumwe Nawe


Perezida wa Haiti Jovenel Moise
Perezida wa Haiti Jovenel Moise

Umurwi w’abanyepolitike 20 batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Haiti bariko baregeranya ibirego kugira bashobore gukura ku butegetsi perezida Jovenel Moise, aho basaba ivyemeza ko Moise yahonyanze ibwirizwa shingiro.

Abo bashingamateka bemeza ko hari ivyemeza ko perezida yasinye amasezerano atari make biciye kubiri n’amategeko, yakoresheje nabi amafaranga ya reta kandi yagenye mu mabanga abategetsi batabikwiye kandi barya ibiturire.

Vyari bitegekanijwe ko intambuko zo kumukura ku butegetsi zari gutangura kw’itariki ya 12 uku kwezi kw’umunani, ariko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko badakwije ibitigiri bisabwa mu nama nshingamateka kugira babandanye n’uwo mugabi.

Perezida Moise ntaco aravuga kuri uwo mugambi wo kumwegura ku butegetsi ariko mu ndwi iheze yashikirije ko hakwiye ibiganiro mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG