Uko wahagera

ONU Isaba Ibiganiro muri Hong Kong


Abaporisi bahagarika uwigaragamvya ku kibuga c'indege muri Hong Kong, kw'itariki 13/08/2019

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu, Michele Bachelet, asaba amatohoza kuco yise ikoreshwa ry’uburyo bwabujijwe n’amakungu bukoreshwa n’igiporisi ca Hong Kong mu guhangana n’abari mu myiyerekano basaba demokarasi.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Geneve, Lisa Schlein ashikiriza ko Bachelet asaba abari mu myiyerekano kubikora mu mahoro, birinde ubwicanyi no gusambura ibintu.

Bachelet, kandi ahanura abategetsi ba Hong Kong kwirinda gukoresha icobangamira uburenganzira bwa muntu bwo gushikiriza akari ku mutima n’amakoraniro yo mu mahoro.

Umuvugizi wiwe, Rupert Colville, ashikiriza ko uwo mutegetsi w’ico gisata ca ONU ahangayikishijwe n’uko abajejwe umutekano bakoresha uburyo bubi kandi butemewe.

Bachelet asaba kandi impande zibiri zishamiranye gutorera hamwe umuti mu mutekano, bakaja mu biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG