Uko wahagera

Imyuzure y'Imvura Imaze Guhitana Abashika 200 mu Buhindi


Umunyagihugu muri reta ya Tripura ateruye umutamakazi amuhungisha amukura mu kibanza catewe n'imyuzure y'imvura mu micungararo ya Agartala, mu Buhindi, itariki 14/07/2019.

Ibikorwa vyo gutabara biracabandanya mu ma reta ane yasinzikajwe n’imyuzure y’imvura mu Buhindi, aho abantu bashika 200 bamaze kuhasiga ubuzima abandi barenga umuliyoni bakurwa mu ngo zabo.

Abategetsi baragabisha ko ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwiyongera mu gihe abatabara bakirondera abantu mu vyatwawe n’inzuzi no mu bibomoke vy’amazu.

Mu gihe imvura ari nkenerwa cane cane mu bice vy’Ubuhindi vyasinzikajwe n’uruzuba, ni nayo yica benshi baharurwa mu majana buri mwaka.

Mu mwaka uheze, reta ya Kerala yaratewe n’imyuzure, aho abaharurwa mu 450 bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG