Uko wahagera

Abandi Bimukira 81 Bavuye muri Libiya Batabawe muri Mediterane


Abimukira bahejeje gutabarwa ku nkengera za Libiya, mu kwezi kw'indwi, itariki 26, 2019.
Abimukira bahejeje gutabarwa ku nkengera za Libiya, mu kwezi kw'indwi, itariki 26, 2019.

Amashirahamwe y’abafaransa y’abagiraneza, SOS Mediterranee na Medecin Sans Frontieres, MSF baratabaye abandi bimukira 81 ku nkengera za Libiya kuri uyu w’Imana, nkuko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Abo batabawe, bagizwe cane n’abanyesudani, bari bandurutse bava muri Libiya mw’ijoro ryo kuwa gatandatu.

MSF, yashikirije kuri uyu w’Imana ko bine vya gatanu vy’abo bashasha batabawe bafise imyaka iri hagati ya 18 na 34.

Uku gutabara kubaye mu gihe hakiri ukutumvikana hagati y’Ubutaliyano hamwe n’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, aho Ubutaliyano bwanse kwemera ko hari ubwato bw’abimukira bushika ku nkengera z’amazi yabwo kiretse ibihugu biri kumwe muri uyo muryango vyemeye navyo gufasha kubakira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG