Uko wahagera

Tanzaniya Iragandarira 69 Bishwe n'Umuriro i Morogoro


Abasirikare batunganya amasandugu y'abapfuye baturiwe n'igitoro I Morogoro, mu buseruko bwa Tanzaniya, itariki 11/08/2019.

Muri Tanzaniya bari mu kigandaro c’abantu 69 bishwe n’umuriro wadutse bariko baravoma ibitoro ku kamyo yatembagaye ku musi wa gatandatu i Morogoro, mu burengero bw’umurwa mukuru w’ubutunzi Dar es Salaam.

Perezida John Magufuli yategetse ko ico kigandaro kibandanya gushika kuri uyu wa mbere. Yaserukiwe ku maziko n’umushikiranganji wa mbere Kassim Majaliwa, nkuko vyashikirijwe n’umwe mu bategetsi.

Majaliwa yatangaje ko komisiyo idasanzwe igiye gushingwa kugira itohoze neza icatumye iryo sanganya riba.

Mu kwezi guheze, abantu 45 barapfuye abandi 100 barakomereka hagati muri Nijeriya, igihe ikamyo yari itwaye igitoro yagira isanganya mu nyuma igasha abanyagihugu bariko bagerageza kuvoma igitoro.

Mu kwezi kwa gatanu, isanganya nk’iryo ryarabaye no muri Nijeri hafi y’ikibuga c’indege ku murwa mukuru Niamey, hapfa abantu bashika 80.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG