Uko wahagera

Umukenyezi w'Umunyamerika Afunzwe na Irani Atakambira Trump


Hua Qu, umukenyezi w'umunyamerika afungiwe muri Irani, yambaye agafoto k'umugabo wiwe, aho yibuka imyaka itatu afunzwe, itariki 08/08/2019
Hua Qu, umukenyezi w'umunyamerika afungiwe muri Irani, yambaye agafoto k'umugabo wiwe, aho yibuka imyaka itatu afunzwe, itariki 08/08/2019

Umukenyezi wa Xiyue Wang, umunyeshure w’umunyamerika afungiwe muri Irani yagirizwa gusuma urusaku, asaba Perezida Donald Trump gukora uko ashoboye kugira umugabo wiwe abohorwe.

Irani yari yashikirije ko hoba uguhanahana abanyororo kuko nayo ivuga ko hari ababo bafungiwe muri Amerika. Ariko Washington yasavye Tehran kurekura vyihuta abanyamerika bose bafungiwe muri Irani ataco bazira.

Uwo munyamerika yavukiye mu Bushinwa Wang ni umunyeshure yiga muri kaminuza y’i Princeton University muri reta ya New Jersey. Yagiye muri Irani mu 2016 kugira ubushakashatsi bujanye n’amashure igihe abategetsi ba Irani bamufata. Sentare ya Irani yamuciriye gufungwa imyaka 10 ku vyaha vyo gusumira urusaku Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG