Uko wahagera

USA: Abakuru b'Ibisagara Basaba Sena Kwemeza Itegeko ku Birwanisho


Abiyamamaza bateye kubira n'umuzo wa Perezida Donald Trump mu gisagara ca El Paso, Texas, Itariki 07/08/2019.
Abiyamamaza bateye kubira n'umuzo wa Perezida Donald Trump mu gisagara ca El Paso, Texas, Itariki 07/08/2019.

Abakuru b’ibisagara barenga 200 muri Reta zunze ubumwe z’Amerika basavye abasenateri kwihuta kwemeza itegeko ryo kugenzura abagura inkoho nibava mu baruhuko bwo muci. Ni inyuma y’ubwicanyi kivunga bwahitanye abantu 31 mu mpera z’indwi iheze mu ma reta ya Texas na Ohio.

Inama y’abakuru b’ibisagara muri Amerika, baserukira ibisagara 214 bo mu migambwe y’abademokrate n’abarepublikani basavye abakuru b’imirwi b’iyo migambwe ibiri muri Sena ko vyihuta kwemeza izo ngigo ziza zaramaze kwemezwa n’inama nshingamateka mu kwezi kwa kabiri.

Iryo tegeko risaba ko haba kugenzura bikwiye abagura inkoho kandi ryongereza ikiringo co kwemerwa kugura inkoho kuva ku misi itatu gushika ku misi cumi igihe hazoboneka ko uwo muntu yiketsweko ikintu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG