Uko wahagera

RDC-Ebola: Abagirizwa Urupfu rwa Dogiteri Mouzoko Bafashwe


Dr. Richard Valery Mouzoko Kiboung

Abaganga batatu b’abakongomani bagirizwa iyicwa ry’umuganga mugenzi wabo yakorera ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS yari mu bafasha kurwanya ikiza ca Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bafunzwe, nkuko vyashikirijwe n’umucamanza wa sentare ya gisirikare kuri uyu wa gatatu.

Dogiteri yamuka muri Kameruni, Richard Valery Mouzoko Kiboung, yishwe arashwe itariki 19 z’ukwezi kwa kane mu gitero ku bitaro vyo mu gisagara ca Butembo mu buseruko bwa Kongo.

Abo baganga bose uko ari batatu bagirizwa kuba batunganije inama kugira babone ingene bica Mouzoko.

OMS ivuga ko Mouzoko yari yarungitswe mu murwi w’abaganga bagiye gufasha kurwanya Ebola yateye mu kwezi kw’umunani umwaka uheze muri Kivu y’uburaruko.

Inyuma y’iyicwa rya Mouzoko mu kwezi kwa kane, umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko batazotekerwa n’ubwoba, bazobandanya igikorwa cabo gushika ku musozo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG