Uko wahagera

USA: Igiporisi Cafashe Abarenga 600 Batagira Ivyangombwa


Umugabo afatiwe kw'ihinguriro Koch Foods Inc. ry'ibifungurwa i Morton, muri reta ya Mississipi, Itariki 7/08/2019.
Umugabo afatiwe kw'ihinguriro Koch Foods Inc. ry'ibifungurwa i Morton, muri reta ya Mississipi, Itariki 7/08/2019.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bashikiriza ko bafashe abimukira 680 batagira ivyangombwa mu mukwabu wakozwe kuri uyu wa gatatu muri reta ya Mississippi, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Amerika. Ni ishirwa mu ngiro ry’ingingo Perezida Donald Trump yatangaje yo gukurikirana ababa muri Amerika mu buryo butubahirije amategeko.

Benshi mu bafashwe n’igiporisi kijejwe gukurikirana uruja n’uruza no gucungera imipaka ni abamuka muri Amerika y’ubumanuko bavuga iki-Espanyole, nkuko abategetsi babivuze.

Mu kwezi kwa gatandatu, Perezida yanditse ku rubuga Twitter ko abo baporisi bagiye gutangura gutahukana abimukira binjiye muri Amerika mu buryo butemewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG