Reta zunze ubumwe z’Amerika zaragabishije Ubushinwa n’Uburusiya kuri uyu wa kabiri kwirinda gukorana imigambi y’ubutunzi na reta ya Venezuela irongowe na Nicolas Maduro. Ivyo vyashikirijwe n’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu mu biro vya perezida, John Bolton mu gihe intumwa zaserukiye igihugu 60 zikoraniye i Lima ku murwa mukuru wa Peru biganira ku nzira yorangiza uruhagarara muri Venezuela.
Uko kugabisha kuje inyuma y’umusi umwe perezida Donald Trump ategetse ko amatungo reta ya Venezuela ifitiye muri Amerika afatwa, no kubuza abategetsi b’ico gihugu kugira ububasha bwo kuronka amafaranga biciye mu mabanki.
Reta ya Trump yiyemeje gukura Maduro ku butegetsi ku nguvu no gushigikira Juan Guaido mu mugambi wo gushinga reta mfatakibanza no gutunganya amatora mashasha.
Ariko Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire yashikirije ko gufatira Venezuela ivyo bihano biteye kubiri n’amategeko kandi ko ata gihugu na kimwe gifise ububasha bwo gutegeka ikindi biciye mu bihano vy’ubutunzi.
Reta ya Venezuela ivuga ko ingingo y’Amerika ari agahotoro kando ari iterabwoba muvy’ubutunzi ryakorewe ico gihugu.
Facebook Forum