Uko wahagera

Trump Yategetse Gufata Amatungo ya Venezuela muri Amerika


Nicolas Maduro, perezida wa Venezuela
Nicolas Maduro, perezida wa Venezuela

Perezida Donald Trump yategetse ejo kuwa mbere ko amatungo ya reta ya Venezuela ari muri Reta zunze ubumwe z’Amerika afatwa, ni ibihano ruhasha bifatiwe reta ya Nicolas Maduro gushika ubu.

Reta ya Venezuela ntaco iravuga kuri iyo ngingo y’Amerika gushika ubu.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zarushirije kwongereza ibihano muvy’ubutunzi no kuremera perezida Maduro kidipolomasiya, kugira agondozwe ave ku butegetsi, ariko ntaco vyashitseko.

Trump mu ndwi iheze yashikirije ko hari ikintu agiye gukora kuri Venezuela. Ntiyashikirije icarico ariko yamye avuga ko gukoresha inguvu za gisirikare ari kimwe mu bishobora kuzokoreshwa.

Uburusiya na Cuba biza vyararungitse inteko gushigikira Maduro.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG