Uko wahagera

Ubwongereza Bwifatanije n'Amerika Gucungera Ikigobe ca Hormuz


Isanamu yerekana ubwato bwa Irani bukikuza ubwato bw'Ubwongereza bwafashwe mu kigobe ba Hormuz, ku kivuko ca Irani c'i Bandar Abbas. Itariki 21/07/2019
Isanamu yerekana ubwato bwa Irani bukikuza ubwato bw'Ubwongereza bwafashwe mu kigobe ba Hormuz, ku kivuko ca Irani c'i Bandar Abbas. Itariki 21/07/2019

Ubwongereza bwifatanije na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu gucungera amato aca mu kigobe ca Hormuz, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi, Ben Wallace.

Irani yarafashe ubwato butatu bw’abanyamahanga buca muri iyo nzira, aho ica gatanu c’ibitoro vyo kw’isi bica. Bumwe muri ubwo bwato bwafashwe bwariko ibendera y’Ubwongereza.

Ubushikiranganji bw’Amerika bwo kwivuna abansi, bubicishije ku muvugizi wabwo bwashikirije ko bwakiriye neza iyo ngingo y’Ubwongereza yo gucungera uruja n’uruza rw’amato.

Igisirikare ca Irani carafashe ubwato bw’ibitoro bw’Ubwongereza mu kwezi guheze mu kigobe ca Gibraltar. Irani yavuze kandi ku musi w’Imana ko yafashe ubundi bwato bw’ibitoro bw’abanyamahanga, ariko nta makuru y’igihugu ubwo bwato bwamukamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG