Uko wahagera

Mugabe Yahoze ari Perezida wa Zimbabwe Yoba Akitswe n'Amagara


Robert Mugabe, yahoze ari perezida wa Zimbabwe i Harare,itariki 29/07/2018.
Robert Mugabe, yahoze ari perezida wa Zimbabwe i Harare,itariki 29/07/2018.

Robert Mugabe yigeze kuba ari perezida wa Zimbabwe aracari mu bitaro muri Singapore, aho amaze amezi ane avurwa, nkuko vyashikirijwe n’uwamusubiriye, perezida Emmerson Mnangagwa kuri uyu wa mbere.

Mnangagwa yashikirije ko Mugabe w’imyaka 95 amaze igihe avurwa ingwara itashizwe ahagaragara, kandi ko imiti ariko arafata iriko iramufasha.

Mnangagwa yari yatangaje mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka uheze ko Mugabe atakibasha gutambuka kubw’ingwara n’ubusaza.

Reta ya Zimbabwe yari yatangaje mu kwezi kwa kane ko Mugabe yagiye muri Singapore kwivuza, kandi ko vyari vyitezwe ko atahuka hagati y’ukwezi kwa gatanu.

Igisata c’amagara y’abantu muri Zimbabwe carasubiye inyuma cane ku buryo abifise baja kwivuriza muri Afrika y’epfo canke mu bindi bihugu vya kure. Mugabe akiri ku butegetsi yama yivuriza muri Singapore.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG