Uko wahagera

USA: Abantu 29 Barishwe Barashwe mu Bitero 2 Bitandukanye


Ubwicanyi mw'isoko Walmart mu gisagara ca El Paso, muri reta ya Texas
Ubwicanyi mw'isoko Walmart mu gisagara ca El Paso, muri reta ya Texas

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ubwicanyi hakoreshejwe inkoho bwabaye mu bibanza bibiri bitandukanye bwahitanye abantu 29 abandi batari bake barakomereka, mu gihe abategetsi bakibandanya kurondera imvo zatumye ubwo bwicanyi.

Perezida wa Amerika Donald Trump kuri uyu w’Imana yategetse ko amabendera yose y’igihugu ku nyukabo za reta amanurwa gushika hagati mu misi itanu, nk’ikimenyetso co kwunamira abahitanwe n’ubwo bwicanyi i El Paso, muri Texas na Dayton, muri reta ya Ohio.

Umugabo w’imyaka 24, Connor Betts yitwaje inkoho yararashwe n’igiporisi mu gatondo ka kare ku musi w’Imana haciye umwanya uri musi y’umunota acucagiye amasasu mu micungararo y’inzu y’ubutambiro mu gisagara ca Dayton. Uwo mugabo yishe abantu icenda barimwo mushikiwe, abandi bashika 27 barakomereka, bane muri bo bararemvye cane.

Ubwo bwicanyi bwo muri Ohio bwabaye haheze amasaha 13 mu gisagara ca El Paso muri reta ya Texas, hafi y’urubibe Amerika ihana na Mexique, uwundi mugabo yitwaje inkoho yishe arashe abashika 20, akomeretsa abashika 26. Abategetsi bavuga ko bariko baratohoza ko bwoba ari ubwicanyi bushingiye ku rwanko kubo mu bwoko bw’abafise amamuko mu bihugu vya Amerika yo hagati bavuga iki espanyole.

Ubu bwicanyi muri El Paso na Dayton bugize ubwa 21 na 22 buhitanye benshi muri uyu mwaka, nkuko vyatororokanijwe n’itororokanirizo ry’amakuru muri Amerika Associated Press, ikinyamakuru USA Today hamwe na Kaminuza ya Northeastern yo muri Boston.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG