Uko wahagera

Iyindi Shusho y'Intambara y'Ubucuruzi Hagati y'Amerika n'Ubushinwa


Perezida Donald Trump wa Leta zunze ubumwe z'Amerika na mugenzi we w'Ubushinwa Xi Jinping

Igihugu c’Ubushinwa canebaguye umugambi wa prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, w’ugushira amatagisi ku bindi bidandazwa bivuye muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi, avugira mu gisagara ca Bangkok mu gihugu ca Thailande aho yitavye inama y’ibihugu vyo mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya, yavuze ko gushira amatagisi ku bibandazwa bivuye mu gihugu ciwe atari bwo buryo bwiza bw’ugutorera inyishu amatati afatiye ku budandaji.

Intambara y’ubudandaji hagati ya Amerika n’Ubushinwa yariyongeye ejo ku musi wa kane inyuma y'uko Prezida Trump atangaje ko azoshira ayandi matagisi yo ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana ku bindi bidandazwa vy’agaciro k’imiliyaridi 300 y’amadolari bivuye mu Bushinwa biza muri Amerika.

Prezida Trump yagirije kandi Ubushinwa ko butaguze kurushiriza ibidandazwa biva mu burimyi vya Amerika hamwe n’ukudahagarika ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa “fentanyl” biza muri Amerika bivuye mu Bushinwa.

Ingingo ya Prezida Trump ije umusi umwe inyuma yuko incuro ya nyuma y’ibiganiro vyerekeye ubudandaji hagati ya Amerika n’Ubushinwa irangiye mu gisagara ca Shanghai impande zompi zumvikanye gusubira guhura mu kwezi kw’icenda muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG