Uko wahagera

Abakenyezi muri Arabiya Sawudite Bagiye Kwidegemvya mu Ngendo


Abakenyezi muri Arabiya sawudite

Arabiya Sawudite igiye kurekurira abakenyezi gufata ingendo mu mahanga batabanje guhabwa uruhusha n’umugabo. Vyashikirijwe na reta ejo kuwa kane, ingingo igiye kuzorangiza umugenzo watumye ubwo bwami bunebagurwa n’amakungu kandi abakenyezi bamwe bari batanguye kubuhunga barondera ahari umwidegemvyo.

Iryo hinduka rikuye itegeko ryafata abakenyezi bakuze nk’abana, mu guha ubutegetsi umugabo, canke se w’uwo mugore, ndetse n’uwo bavukana w’igitsina gabo gufata ingingo kuri bo.

Iyi ngingo, ifashwe inyuma y’imyaka abaharanira agateka ka muntu basaba ko uwo mugenzo ufutwa. Ni inyuma kandi y’aho bigaragaye ko abagore bariko bagerageza guhunga abagabo babo naho hari iyindi ngingo yafashwe mu mwaka uheze yemerera igitsinagore muri Arabiya Sawudite gutwara imodokari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG