Uko wahagera

Mozambike Basinye Amasezerano Arangiza Intambara


Umukuru wa Renamo Ossufo Momade, hagati, atamba n'abanyagihugu agishika aho basinyira amasezerano y'amahoro. Itariki 01/08/2019.

Perezida wa Mozambique hamwe n’umukuru w’umuhari Renamo utavuga rumwe na reta barasinye amasezerano y’amahoro ejo kuwa kane, arangiza imyaka y’intambara izo mpande zibiri zari zimazemwo.

Ayo masezerano y’amahoro arangije ubwicanyi mu gihugu. Inyuma yo kuronka intahe yo kwikukira ku bukoloni bwa Portugal, umuhari Renamo warwanye intambara na reta ya Mozambique yahitanye abanyagihugu barenga umuliyoni, imbere yuko amasezerano y’amahoro asinywa mu 1992.

Kuva mu 1992, Renamo waritavye amatora yatunganijwe mu gihugu, ariko uwo mugambwe wagumanye ibirwanisho. Rimwe na rimwe habaye ukudahuza muri poritike baca bikora ku birwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG