Uko wahagera

Ibinyamakuru Vyemeza ko Umuhungu wa Osama Bin Laden Yishwe


Hamza bin Laden umuhungu wa Osama Bin Laden

Umuhungu akongera akaba samuragwa w’uwashinze al-Qaida, Osama bin Laden bivugwa ko yoba yarishwe, ko yiciwe mu gitero Amerika yagizemwo uruhara, nkuko bishikirizwa n’ibinyamakuru.

Abategetsi batashimye ko amazina yabo amenyekana, bemeje ko bakeka ko Hamza bin Laden yari mu myaka 30 yishwe, nkuko vyashikirijwe n’Ikinyamakuru NBC News co muri Amerika.

Mu nyuma, ikindi kinyamakuru The New York Times congeye gishikiriza ko bin Laden yishwe mu myaka ibiri iheze.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zari zatanze agashimwe k’umuriyoni w’amadolari kuwuzofasha gufata canke akica Hamza bin Laden, avugwa ko yarikumwe na se igihe yategeka igitero c’iterabwoba muri Amerika kw’itariki 11 mu kwezi kw’icenda mu 2001.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG