Uko wahagera

Sudani: Reta Yugaye Amashure Igihe Kitazwi


Abategetsi muri Sudani bategetse ejo kuwa kabiri ko amashure yose mu gihugu yugarwa gushika igihe kitazwi, inyuma y’aho abanyeshure bakoreye imyiyerekano biyamiriza iyicwa ry’abantu batandatu bari mu myiyerekano, barimwo abanyeshure batanu ku musi wa mbere.

Iyindi myiyerekano y’abanyeshure yarabaye kandi mu bindi bice vy’umurwa mukuru Karthoum no mu bindi bisagara, biyamiriza ubukene bw’ibitoro n’umukate nkuko urunani rw’abiyerekana hamwe n’ababa mu gisagara ca Al-Obeid babishikirije.

Ubwo bwicanyi bwabaye umusi umwe imbere yuko ibiganiro hagati y’impande zigomba gusabikanya ubutegetsi vyari bitegekanijwe kwongera kuba ejo kuwa kabiri. Ariko indongozi z’abari mu myiyerekano baciye basaba ko bitoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG