Uko wahagera

ONU Iranegura Igihano co Gupfa muri Amerika


Uwagirijwe igitero c'iterabwoba i New York muri Amerika mu minwe y'inyamiramabi za FBI.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyita ku burenganzira bwa muntu biranebagura ingingo yafashwe na reta ya Trump yo kugarukana igihano co gupfa, inyuma y’imyaka 16 yari iheze carahanaguwe. ONU ivuga ko biteye kubiri n’utwigoro tw’ibihugu n’amakungu two gukuraho igihano co kwica.

ONU itangaza ko ibihugu 170 kw’194 biri muri uyo muryango vyakuyeho ico gihano haba mu mategetko canke mu ngiro.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji w’ubutungane muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, William Barr yarasubijeho igihano co gupfa ku rwego rw’igihugu cose. Yaciye ashikiriza ko aba mbere batanu bazokwicwa mu kwezi kwa cumi na kabiri, abandi bazoshingirwa amatariki mu gihe kizokurikira.

Abanyororo 60 bari ku rutonde rwo kwicwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Rusansuma yerekanye ko Abanyamerika 56 kw’ijana bashigikiye igihano co kwica, mu gihe mu myaka y’1990 abashika 80 kw’ijana aribo bari babishigikiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG