Umutegetsi wo mu gihugu ca Kongo yatangaje ko abanyamahanga babiri bakorera isosiyete yo mu gihugu ca Canada yitwa Banro yimba ubutare, banyurujwe mu ndwi iheze mu bumanuko bw’intara ya Maniema, iri mu buseruko bw’igihugu.
Umuvugizi w’igisirikare mu ntara ya Kivu, Capitaine Dieudonne Kasereka, kuri uyu wa mbere yavuze ko umunyagihugu ava muri Afrika y’Epfo, umunyazimbabwe hamwe n’abanyekongo babiri banyurujwe, kandi ko ababanyuruje, bashobora kuba ari abarwanyi bo mu muhari w’aba Mai-Mai, bakorera ibikorwa vyayo vy’ubugizi bwa nabi muri iyo ntara.
Yavuze ko abasirikare bariko bararondera abo bantu banyurujwe, kandi ko abantu batatu bikekwa ko bafise uruhara muri iryo nyuruzwa bamaze guhagarikwa.
Yavuze kandi ko gushika ubu, abakoze iryo bara, ataco barasaba kugira basubize abo bantu.
Facebook Forum