Uko wahagera

Abanyororo Barenga 50 Bishwe 16 Bacibwa Ibihimba muri Bresil


Ibohero rya Altamira muri Bresil

Abanyororo bashika 52 mw’ibohero muri Bresil barishwe mu gihe c’imigumuko mu buraruko bw’ico gihugu ku musi wa mbere.

Umukuru w’iryo bohero ryitwa Altamira muri reta ya Para yashikirije ko 16 muri bo bishwe bacagaguwe ibihimba.

Abapfuye bashobora kwiyongera igihe abategetsi bazorangiza kurondera ibice vyose vyabayemwo urwo ruhagarara.

Uru ruhagarara rwibukije imigumuko yabaye mu kwezi kwa gatanu, aho imbohe 55 zicwa habaye gutana mu mitwe hagati yabo mu mabohero ane muri reta ya Amazonas.

Imihari y’abaharanira agateka ka muntu yagiriza reta ya Bresil kuba ata kintu kiboneka ikora kugira itorere inyishu ikibazo c’abanyororo b’umurengara mu mabohero.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG