Uko wahagera

Igitero c'Umwiyahuzi Cishe 6 Gikomeretsa Buramatari muri Somaliya


Abakozi mu gisata c'amagara y'abantu bafasha uwakomerekejwe n'igitero c'umwiyahuziku bitaro vya Madina hospital, Mogadishu, itariki 24/07/2019.

Umwiyahuzi akekwa kuba umu al-Shabab yariturikijeko bombe yahitanye ubuzima bw’abantu bashika kuri batandatu, abandi batandatu barakomereka harimwo n’umukuru w’igisagara Mogadishu ku musi wa gatatu, nkuko bishikirizwa n’ababibonye hamwe n’abajejwe umutekano.

Ico gitero cabereye ku nyubakwa y’icicaro gikuru c’intara ya Mogadishu, aho buramatari, Abrahman Omar Osman, yariko arabonanira n’ivyegera vyiwe hamwe n’abakuru b’amadistrikte y’umurwa mukuru ku bibazo vy’umutekano, nkuko icegera ca buramatari wa Mogadishu Mohamed Tulah yavyiganiye Radio Mogadishu.

Al-Shabab yamaze kwiyitirira ico gitero, kandi ivuga ko yariko irondera kwica intumwa ya ONU muri Somaliya, James Swan, umunyamerika yari ahejeje kubonana na buramatari imbere y’ico gitero.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma y’ico gitero, umushikiranganji wa Somaliya ajejwe kumenyesha amakuru, Mohamed Abdi Hayir Mareere, yavuze ko abakomiseri babiri b’iyo distritke hamwe n’abayobozi batatu b’intara bari mu bapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG