Uko wahagera

Abarwanyi ba ADF Baba Barishe Abantu 12 mu Ntara ya Ituri


Abantu bakuwe mu byabo n'ibitero by'abarwanyi b'umutwe wa ADF muri 2015.
Abantu bakuwe mu byabo n'ibitero by'abarwanyi b'umutwe wa ADF muri 2015.

Abikekwa ko ari abarwanya ubutegetsi bwa Uganda bo mu murwi, “Allied Democratic Forces” mu mpfunyapfunyo, ADF, bishe abantu 12 mu bitero bibiri vyabereye mu karere ko mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Aka ni akarere kageramiwe n’ikiza ca Ebola.

Abikekwa ko ari abarwanya ubutegetsi mu murwi ADF, batereye ica rimwe ibisagara vya Eringeti na Oicha ku musi wa mbere w’iyi ndwi mu karere ka Beni. Umuyobozi w’akarere ka Beni, Kasereka Donat, avuga ko bishe abantu 9 mu gisagara ca Eringeti n’abantu 3 mu gisagara ca Oicha Donat. Amenyesha ko naho abasirikare batari bake ba Reta ya Kongo barungitswe muri ako karere, abanyagihugu baho batekewe n’ubwoba bwinshi kubera ivyo bitero.

Kuva mu kwezi guheze, Reta ya Kiyislamu yariyitiriye ibitero vyakozwe n’abarwanyi b’umurwi ADF. Yamara imigenderanire hagati y’iyo mirwi ibiri ntitomoye.

Umurwi ADF n’iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho ikorera mu karere ko mu buseruko bwa Kongo yarageramiye bikomeye utwigoro tw’ukurwanya ikiza ca Ebola muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG