Uko wahagera

FBI: Uburusiya Burabandanya Guhungabanya Amatora


Umuyobozi w'ibiro vy'inyamiramabi FBI muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Christopher Wray.
Umuyobozi w'ibiro vy'inyamiramabi FBI muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Christopher Wray.

Muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, umuyobozi w’ibiro bijejwe guhasha inyamiramabi, FBI, Christopher Wray yaragabishije ko Uburusiya bubandanya kubangamira amatora yo muri Amerika, mu gihe hasigaye amezi 16 ngo hatunganwe amatora y’umukuru w’igihugu. Wray yabibwiye umugwi wa sena ujejwe ibibazo vy’ubutungane ejo kuwa kabiri.

Ibisata vy’iperereza vy’Amerika hamwe n’amatohoza y’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller yasanze Uburusiya bwaragerageje gufasha mw’itorwa rya perezida Donald Trump mu matora yo mu 2016.

Mu gihe kuri uyu wa gatatu Mueller ariho yishura ibibazo vy’abashingamateka kur’ayo matohoza, Trump arabandanya guhakana uruhara rw’Uburusiya mu guhungabanya amatora kandi avuga ko itorwa ryiwe ata banyamahanga barigizemwo uruhara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG