Uko wahagera

Venezuela Yongeye Kubura Umuyagankuba


Ikizime catewe no kubura umuyagankuba muri Venezuela
Ikizime catewe no kubura umuyagankuba muri Venezuela

Amareta ashika kuri 14 muri Venezuela no ku murwa mukuru Caracas yinjiye mu kizime kandi ejo kuwa mbere, ivyateye ubwoba ko bishobora kuba nko mu mezi aheze.

Ikizime nk’ico cabaye mu kwezi kwa gatatu, aho umurwa mukuru Caracas wabuze amatara n’amazi mu kiringo gishika ku ndwi.

Ico gihe perezida Nicolas Maduro yagirije Reta zunze ubumwe z’Amerika kuba inyuma yavyo.

Ariko abatavuga rumwe nawe bavuze ko vyatumye n’ukwangara kw’abari gusubiriza ivyuma kwamaze imyaka n’imyaka mur’ico gihugu gitunze ibitoro.

Juan Guaido, ashigikiwe na Amerika hamwe n’ibindi bihugu 50 nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, yamaze gutera akamo abanywanyi biwe mu gihugu cose mu myiyerekano kuri uyu wa kabiri.

Yagize ati "Twebwe abanyevenezuela ntitumenyereye ibintu nk’ibi" .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG