Uko wahagera

Kenya: Umushikiranganji w'Ikigega ca Reta Yahagaritswe


Henry Rotich, umushikiranganji w'ikigega ca reta muri Kenya
Henry Rotich, umushikiranganji w'ikigega ca reta muri Kenya

Umukuru w’urwego rujejwe gutohoza ivyaha mu gihugu ca Kenya yatangaje kw’umushikiranganji ajejwe ikigega yahagaritswe kubera ivyaha vya ruswa n’ibiturire, yagiririzwa.

Ivyo vyaha vyerekeye isosiyete yahaye uburenganzira bwo kwubaka ingomero z’umuyagankuba mu burengero bw’igihugu ca Kenya.

George Kinoti, uyu musi ku wa mbere yatangaje kw’umushikiranganji ajejwe ikigega, Henry Rotich, yabanje gusambishwa imbere y’uko acirwa urubanza muri sentare.

Umushikirizamanza mukuru Naordin Haji, yagirije Rotich hamwe n’abandi bakozi ba reta 27, ko bahaye isosiyete yo mu gihugu c’Ubutaliyano CMC di Ravenna, amakontra mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Haji yavuze kw’amategeko agenga amakontra nk’ayo yose yahonyanzwe, mu ntumbero yo kworohereza iyo sosiyete yo mu gihugu c’Ubutaliyano ngo naho yariko irahomba mur’ico gihugu.

Haji yavuze kw’igitigiri c’amafaranga yo kwubaka izo ngomero zibiri, cadugijweko amadolari ashika imiliyoni 164 n’ibihumbi 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG