Uko wahagera

RDC: Abajejwe Umutekano Bagiye Gufasha Kurwanya Ebola


Abakozi barwanya Ebola mu myimenyerezo yo kwikingira ku bitaro vya Bwera muri RDC

Abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo batangaza ko abasirikare n’abapolisi b’ico gihugu bazofasha gutuma ingingo zerekeye kwoza amaboko n’ugupima umuriro mu mubiri w’abantu vyubahirizwa muri iki gihe ikiza ca Ebola catangajwe ko ari ikibazo cihutirwa giteye impungenge amakungu.

Abasirikare ba Reta n’abapolisi b’igihugu bazotegeka abanyagihugu bagonanwa gufata ingingo zigenewe gutuma ikiza ca Ebola kitabandanya gukwiragira.

Ivyo Dr. Aruna Abedi yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Goma kirimwo abantu barenga imiliyoni 2. Inkuru yerekeye umuntu wa mbere afise Ebola muri ico gisagara yatangajwe mu ntango z’iyi ndwi.

Igisagara ca Goma kiri hafi y’urubibe Republika iharanira demokrasi ya Kongo ihana n’u Rwanda kandi gifise ikibuga c’indege mpuzamakungu.

Uruja n’uruza rw’abantu n’imodoka vyari nkuko bisanzwe muri ico gisagara uno musi ku wa kane. Ni inyuma yuko ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS ritangaje ku musi wa gatatu ku muhingamo ko ikibazo ca Ebola ari ikibazo cihutirwa giteye impungenge amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG