Uko wahagera

Umusirikare wa ONU n'Abasivile 6 Barishwe mu Ntara ya Abyei


Ikarata ya Sudani yo mu bumanuko
Ikarata ya Sudani yo mu bumanuko

Abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye bishe umusirikare ajejwe gucungera umutekano w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abasivile 6 mu ntara ya Abyei iri ku rubibe hagati y’ibihugu vya Sudani na Sudani yo mu bumanuko. Iyo nkuru yatangajwe na Bulamatari w’iyo ntara, Kuol Alor Jok uno musi ku wa gatatu.

Kuol Alor Jok yatangaje ko abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye barakoze igitero kw’isoko ry’ahitwa Amiet, mu buraruko bw’intara ya Abyei. Avuga ko umwe mu basivile bishwe yari umwana.

Ishirahamwe ONU ryamenyesheje ko ku musi wa kabiri, inteko zijejwe gucungera umutekano zari mu gikorwa c’ugucungera umutekano igihe zaterwa n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye. Umusirikare umwe aturuka mu gihugu ca Etiyopiya yarishwe, mu gihe uwundi yakomeretse. Ishirahamwe ONU rimenyesha ko abasivile 5 bahasize ubuzima.

Intara ya Abyei yaranzwe n’uruhagarara n’ubwicanyi hagati y’abashaka kwifatanya na Sudani yo mu bumanuko n’abashaka kwifatanya na Sudani.

Ishirahamwe ONU ryagumije inteko zaryo zijejwe gucungera umutekano muri iyo ntara kuva mu mwaka w’i 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG