Uko wahagera

Sudani: Abakenyezi Baridoga ko Bakumiriwe muri Poritike


Umunyasudanikazi Wini Omer mu badaharanira inyungu za poritike i Khartoum, itariki 14/05/2018.
Umunyasudanikazi Wini Omer mu badaharanira inyungu za poritike i Khartoum, itariki 14/05/2018.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike muri Sudani asaba abasirikare hamwe n’indongozi z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kwugururira imiryango abakenyezi ku rubuga rwa poritike, igihe izo mpande zibiri zizotangura gushira mu ngiro amasezerano yo gusangira ubutegetsi.

Mu kiringo c’imyaka ishika 63 Sudani kimaze kironse intahe yo kwikukira, abakenyezi ntibigeze bemererwa kugira uruhara muri poritike ku mvo z’imico y’igihugu hamwe n’ibindi bizira.

Abakenyezi bashikiriza ko bakumiriwe, bimwa amahirwe yo guterera mu mabanga y’igihugu, mu myaka 30 y’intwaro ya Omar al Bashir.

Integuro y’amasezerano yo gusangira ubutegetsi yumvikanyweko aha abakenyezi n’iburi buri ibice 40 kw’ijana mu nama nshingamateka nshasha. Umukenyezi Naimat Abubaker Mohammed, adaharanira inyungu za poritike yabwiye Ijwi ry’Amerika ko afise amakenga yuko abakenyezi bazoshirwa muri ivyo bibanza bakwiye kuzoba babishoboye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG