Uko wahagera

Uwahoze ari Perezida wa Peru Yafatiwe muri Amerika


Uwahoze ari perezida wa Peru, Alejandro Toledo mu kiganiro n'abanyamakuru i Lima, kw'itariki 29/03/2011.
Uwahoze ari perezida wa Peru, Alejandro Toledo mu kiganiro n'abanyamakuru i Lima, kw'itariki 29/03/2011.

Abategetsi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bashikirije ejo kuwa kabiri ko bafashe uwahoze ari perezida wa Peru, Alejandro Toledo ku mutahe w’igihugu ciwe kimwagiriza kurya ruswa.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Amerika bwashikirije ko Toledo yafatiwe muri reta ya California ari naho azoshikirizwa na sentare ivy’iyoherezwa ryiwe mu mpera z’iyi ndwi. Toledo yari yagendeye kaminuza ya Stanford.

Ubutungane bwa Peru bumwagiriza kuba yarahawe na kompanyi y’ubwubatsi yo muri Bresil ibiturire bingana na miliyoni 20 z’amadolari y’abanyamerika kugira ironke isoko ryo kwubaka ibarabara rihuza Peru na Brezil.

Toledo yarahakanye ivyo vyagiriji. Yabaye perezida wa Peru kuva mu 2001 gushika 2006.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG