Uko wahagera

Amerika Igiye Kwima Ubuhungiro Abaca ku Mupaka


Abimukira ku mupaka Amerika ihana na Mexique
Abimukira ku mupaka Amerika ihana na Mexique

Reta ya Donald Trump itegekanya guhagarika abasabira ubuhungiro ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika ihana na Mexique, ingingo mu gihe yoja mu ngiro ishobora gukora kubimukira benshi bava mu bihugu vyo muri Amerika yo hagari bajabuka baciye muri Mexique.

Iyo ngingo yatangajwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane bufatanije n’ubwo umutekano mu gihugu, izohagarika gusaba ubuhungiro muri Amerika mu gihe uwo muntu azoba yaciye ku butaka abanje guca mu kindi gihugu imbere yo gushika muri Amerika, nkuko iryo tegeko ryashizwe ahabona ejo kuwa mbere ribivuga. Ritangura gushirwa mu ngiro kuri uyu wa kabiri.

Imbere yo kwemererwa kwinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abasaba ubuhungiro bazotegerezwa kwerekana ivyemeza ko bimwe ubuhungiro mu kindi gihugu, bitabaye uko bashobora kuzoca basubizwa inyuma ubwo nyene.

Mu gihe iryo tegeko rizokora ku bihumbi vy’abimukira bo muri Amerika yo hagati, barimwo abajabuka imipaka yo mu bumanuko bushira uburengero, rizokora kandi no ku bava mu bindi bihugu bitari ivyo muri ako karere. Mu mezi aheze abajejwe kuraba abinjira basanze abasaba ubuhungiro bava muri Afrika yo hagati na Haiti nabo bariyongereye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG