Uko wahagera

ONU Irashima Amasezerano muri Sudani Ariko Iragabisha


Inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu i Geneve, muri Swisse.
Inama ya ONU ijejwe agateka ka muntu i Geneve, muri Swisse.

Abahinga b’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu bavuga ko igihugu ca Sudani kibwirizwa kurangiza ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka muntu ku banyagihugu baco mu gihe coba gikeneye amahoro n’umutekano birama.

Umufasha w’umunyamabanga mukuru w’ico gisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu, Andrew Gilmour ashikiriza ko atewe intege n’isinywa ry’amasezerano ku musi wa gatanu hagati y’urunani Sudan's Forces for Freedom and Change hamwe n’akanama ka gisirikare karongoye igihugu ivy’imfatakibanza. Arashimira umuryango w’ubumwe bw’Afrika hamwe na Etiyopiya kuba barafashije mu guhuza izo mpande zibiri.

Ariko avuga ko bizosaba uguhozako no gushira mu ngiro ivyemeranijwe kugira ayo masezerano arame, inyuma y’amezi ahitiye igihugu kiri mu migumuko yaranzwemwo ubwicanyi, inyuma yo gukura Omar al-Bashir ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG