Reta zunze ubumwe z’Amerika zatangaje ejo kuwa kabiri ko kugurisha ibirwanisho kuri Taiwani bifise intumbero yo gutsimbataza umutekano mu karere ko muri Aziya ka Pacifique kandi ko Amerika ataco igiye guhindura n’aho Ubushinwa butabinezererewe.
Ubushinwa bwasavye Amerika guhagarika iryo gurisha ry’ibirwanisho inyuma y’aho ubushikiranganji bw’Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwemereje iryo gurisha ry’ibikoresho vya gisirikare ku musi wa mbere bifise agaciro kagereranywa n’imiriyaridi 2.2 z’amadolari y’abanyamerika.
Ubushikiranganji bujejwe ukwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko iyo ngingo itazohindura uko ibintu vyifashe mu vya gisirikare mu karere Taiwan irimwo.
Ayo masezerano yashavuje igihugu c’Ubushinwa kizirana na Taiwan. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Geng Shuang yasavye Amerika ku wa kabiri guhagarika buno nyene ayo masezerano avuga ko yivanga mu bibazo biraba Ubushinwa kandi ageramira ubwigenge n’umutekano w’ico gihugu.
Ubushinwa na Taiwan vyatandukanye mu ngwano yo mu mwaka w’i 1949 igihe inteko za Mao Tse-tung zatuza ku butaka bw’ubushinwa inteko za Chaing Kai-shek. Inteko za Shaing Kai-shek zahungiye muri Taiwan. Ubushinwa bubona izinga rya Taiwan nk’igice c’ubutaka bwayo.
Ubushinwa bukaba byiyemeje kwigarurira iryo zinga ku nguvu mu gihe vyokenerwa.
Amasezerano hagati ya Amerika na Taiwan aje mu gihe intambara y’ubudandaji ibandanya hagati ya Amerika n’Ubushinwa.
Facebook Forum