Uko wahagera

Ambasaderi wa Vatikano mu Bufaransa Arakurikiranwa n'Ubutungane


Luigi Ventura ambasaderi w'Ubutaliyano mu Bufaransa.
Luigi Ventura ambasaderi w'Ubutaliyano mu Bufaransa.

Reta ya Vatikano ejo kuwa mbere yarakuyeko ubudahangarwa kuri ambasaderi wayo mu Bufaransa, kugira ngo ubucamanza bw’Ubufaransa bumubaze kuvyo yagirizwa ko yagize imyitwarire mibi ijanye n’igitsina.

Archbishop Luigi Ventura yagirizwa gukora ku bagabo mu buryo butabereye.

Ubucamanza bw’Ubufaransa bwuguruye dosiye yiwe mu ntango z’uyu mwaka, ariko ntibwashoboye kumubaza kubw’ubudahangarwa yahabwa nuko ari umudiplomate.

Ibinyamakuru mu Bufaransa bivuga ko abagabo batari bake bagiriza Ventura kuba yarabakoze ku bice vy’umubiri atari gukorako, ariko we yarahakanye ivyo vyagiriji.

Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika yaremeye ko reta ya Vatikano itazohengeshanya kurengutsa mu butungane abakozi bayo bigenza nabi mu myitwarire mibi ku bijanye n’igitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG