Uko wahagera

USA Yatahukanye Igikombe c'Isi mu Mupira w'Amaguru w'Abigeme


Umurwi w'Amerika wigina intsinzi inyuma yo gutsinda Ubuholande ibitsingo bibiri ku busa,
i Lyon mu Bufaransa, itariki 07/07/2019
Umurwi w'Amerika wigina intsinzi inyuma yo gutsinda Ubuholande ibitsingo bibiri ku busa, i Lyon mu Bufaransa, itariki 07/07/2019

Mu mupira w’amaguru, umurwi nserukira gihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika watahukanye igikombe c’isi mu gutsinda Ubuholande ibitsindo 2-0, mu nkino za nyuma z’abakobwa zabereye i Lyon, mu Bufaransa, bituma Amerika itahukana ubugira kane ico gikombe.

Abanyamerika babanje gutsinda ibindi bihugu bine vya Bulaya vy'ibihangange, ari vyo Ubusweda, Espanye, Ubufaransa hamwe n’Ubwongereza, mu nzira yabaganisha ku rukino rwa nyuma.

I Washington, perezida w’Amerika Donald Trump mu butumwa ku rubuga Twitter, yakeje abo bakinyi aranababwira ko Amerika inezerejwe n’ivyo bakoze.

Amerika yaratsindiye kandi ico gikombe mu myaka y’991, 1999 na 2015.






Facebook Forum

XS
SM
MD
LG