Uko wahagera

Perezida Putin Yarabonanye na Papa Fransisiko mu Rugendo i Roma


Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin aramukanya na Papa Fransisiko i Vaticano, Itariki 04/07/2019.

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yaragendeye ejo kuwa kane Ubutaliyano ku ncuro ya mbere mu myaka ine, ku butumire bw’umushikiranganji wa mbere Giuseppe Conte, yari yagendeye Moscow mu kwezi kw’icumi. Putin yabanje kubonana na Papa Fransisiko i Vatikano.

Itangazo ryasohowe inyuma yo kuganira na Papa ryavuze ko ibiganiro vyabo vyashimikiye ku bibera muri Siriya, Ukraine na Venezuela.

Putin yarabonanye kandi na perezida w’Ubutaliyano, Sergio Mattarella, aho amakuru avuga ko imigenderanire hagati y’Uburusiya n’Ubutaliyano yifashe neza biri muvyo baganiriye, n'aho hari ukudahuza ku kibazo ca Ukraine.

Abo bategetsi barashikirije amakenga ku ntambara hagati y’abonse rimwe muri Libiya hamwe n’ingaruka ry’iterabwoba muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG