Uko wahagera

Tshisekedi Aragabisha Abashaka Guhungabanya Ubutegetsi


Felix Tshisekedi, perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Perezida Felix Tshisekedi wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo avuga ko ubwicanyi bubera mu ntara yo buraruko bushira ubuseruko ari ukugeragega ihonyabwoko. Yabishikirije ejo kuwa kabiri inyuma y’aho ubwicanyi buhitiye muri ako karere bwahitanye abanyagihugu benshi ataco bazira, abandi ibihumbi n’ibihumbi barahunga ingo zabo.

Tshisekedi yategetse abasirikare gutanguza uruhigi ku mirwi yitwaje ibirwanisho irwanira mu ntara ya Ituri, aho abategetsi baho bavuga ko abanyagihugu 160 bishwe kuva mu kwezi kwa gatandatu itariki 10 mu mirwano hagati y’abitwaje ibirwanisho.

Uwo mukuru w’igihugu yabivuze ariko araheraheza urugendo rw’imisi itatu mur’iyo ntara, yiyemeza kandi ko agiye kumenya ukuri ku bari inyuma y’ico yise kugerageza ihonyabwoko, avuga ko intumbero kwari uguhungabanya ubutegetsi bwa Kinshasa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG